Uko wahagera

Mali Isaba Indongozi z'Abayisilamu Kuganira n'Intagondwa Zikorana na al Qaeda


Aho umuhari Jama'a Nusrat ul-Islam wa al-Muslimin, JNIM,wagavye igitero c'iterabwoba, i Kidal
Aho umuhari Jama'a Nusrat ul-Islam wa al-Muslimin, JNIM,wagavye igitero c'iterabwoba, i Kidal

Reta ya Mali yasavye abayobozi b'abayislamu kuganira n'abategetsi b'umurwi w'abarwanyi b'abayislamu ukorana na al-Qaida, Jama'a Nusrat ul-Islam wa al-Muslimin, JNIM, mu mpfunyapfunyo.

Ni mu ntumbero yo guhagarika intambara imaze imyaka cumi mu gihugu. Imbere y’aho, abategetsi ba Mali barashigikiye iciyumviro c’ibiganiro, bakaba barashigikiye mu mpisho imigambi y’amahoro n’abarwanyi mu gihe umutekano wariko umera nabi kurushiriza mu gihugu.

Yamara ivyo umushikiranganji ajejwe ibibazo vy’amadini, aherutse gutangaza vyerekana intambwe ikomeye cane kurushiriza mu nzira y’ibiganiro n’abayobozi b’abarwanyi b’umurwi JNIM. Uwo mugambi urarwanywa bikomeye n’igihugu c’Ubufransa gikorana na Reta ya Mali mu vya gisirikare. Prezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron yatangaje mu kwezi kwa gatandatu ko inteko z’Ubufransa zitazokorana mu vya gisirikare n’ibihugu biganira n’intagondwa z’abayislamu.

Umushikiranganji ajejwe ibibazo vy’amadini yarabonanye n’abayobozi b’urwego rukuru rw’abayislamu mu gihugu mu ndwi iheze kugira abamenyeshe icipfuzo ca reta c’ukuganira n’imirwi yose y’intagondwa ikorera mu gihugu.

Mohamed Kimbiri, ayoboye urwo rwego yaremeje ko basabwe kuganira n’abayobozi b’umurwi JNIM. Yamara basabwe kutaganira n’abarwanyi b’abanyamahanga. Nta biganiro biraba gushika ubu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG