Uko wahagera

Uburusiya Hamwe n'Umuryango OTAN Barihorana


Icicaro gikuru ca OTAN i Bruxelles mu Bubirigi
Icicaro gikuru ca OTAN i Bruxelles mu Bubirigi

Uburusiya bwihoye ku ngingo ya OTAN yo kwirukana abadiplomate babwo i Bruxelles mu Bubirigi. Bwavuze kuri uyu wa mbere ko buhagaritse ibikorwa bukorera muri OTAN kandi ko n’ibiro vy’iryo shirahamwe i Moscou vyugawe.

Mu ntango z’uku kwezi, ishirahamwe OTAN ryavuze ko abadiplomate b’Uburusiya barikorera i Bruxelles bari abajejwe iperereza kandi bambuwe ivyabaranga kuba abakozi ba OTAN.

Umushikirangaji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire n’amakungu, Sergey Lavrov, yavuze ko ishirahamwe OTAN ridakeneye kuganira canke gukorana n’Uburusiya. Lavrov yavuze ko ibibazo hagati y’Uburusiya na OTAN bizokurikiranwa na ambasade y’Uburusiya mu Bubirigi.

Imigenderanire hagati ya OTAN n’Uburusiya yatanguye gutosekara kuva igihe Uburusiya bwigaruriye intara ya Crimea mu 2014. Kuva ico gihe, izo mpande zose ntizasubiye kwumvikana ku myimenyerezo ya gisirikare hafi y’imbibe hagati y’Uburusiya na Crimea.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG