Uko wahagera

Maroke Yatabaye Abimukira 310 muri Mediterane


Abimukira barokowe bazanwe ku nkengera za Libiya .
Abimukira barokowe bazanwe ku nkengera za Libiya .

Igisirikare ca Maroke kirwanira mu mazi catabaye abimukira 310 bariko baja mu Buraya mu misi itatu iheze, nkuko vyavuzwe kuri uyu wa mbere n’umutegetsi wa gisirikare atashimye ko amazina yiwe amenyekana.

Abo bimukira bari mu bwato bw’imbaho kandi barimwo abana icenda n’abagore 23. Bose bamuka mu karere ka Afrika yo munsi ya Sahara kandi bose bashitse ku musozi bakomeye, nkuko vyavuzwe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.

Mu mpera z’ukwezi kwa munani, igisirikare ca Maroke gikorera mu mazi caratabaye abimukira barenga 400 bari mu kangaratete mu bwato mw’ibahari Mediterane na Atlantike.

Maroke ni umuhora w’abimukira bava mu karere ka Afrika yo munsi ya Sahara bagerageza kwinjira ku mugabane wa Buraya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG