Uko wahagera

Amerika Yiteguye Gusubira mu Kanama ka ONU k'Agateka ka Muntu


Reta zunze ubumwe za Amerika itegekanya gusubira mu kanama ka ONU kajejwe agateka ka muntu mu kwezi kwa mbere. Reta ya Donald Trump yagakuyemwo Amerika mu mwaka wa 2018.

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Antony Blinken, yavuze kuri uyu wa kane ko bazokora n’inguvu nyinshi kugira ako kanama gashike kuvyo kiyemeje vyo gushigikira abarwanya akarenganyo n’ubwicanyi bwibonekeza mu bice bitari bike kw’isi.

Nawe intumwa ya Amerika muri ONU, Linda Thomas-Greenfield, yavuze ko gusubira muri ako kanama ari ugushitsa ivyo Perezida Joe Biden yemereye abanyamerika igihe yiyamamariza amatora yamushikanye ku butegetsi. Kimwe mu vyo akanama ka ONU kajejwe agateka ka muntu kanebagurwako ni uko bamwe mu bahungabanya ako gateka ari ibihugu bihurikiye muri ko.

Kimwe muvyatumye Amerika iva muri ako kanama mu 2018, ni inyuma y’aho gatanguriye kwihweza amabi Isirayeli ikorera abanyepalestina.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG