Uko wahagera

Amatora muri Iraki Yabaye Umutekano Ucungerewe Bikomeye


Abaporisi Bacungereye ibiro vy'amatora i Mosul muri Iraki. kw'itariki ya 10/10/2021
Abaporisi Bacungereye ibiro vy'amatora i Mosul muri Iraki. kw'itariki ya 10/10/2021

Iraki yatunganije amatora y’abashingamateka kuri uyu w’Imana. Amatora atunganjiwe umwaka umwe imbere y’ikiringo co mu mwaka wa 2022 cari carategekanijwe. Umukuru wa komisiyo y’amatora, Jalil Adnan, yavuze ko abitabiriye ayo matora barenze gato 30 kw’ijana.

Aya matora yabaye mu gihe umutekano wari ucungerewe bikomeye muri ico gihugu, aho umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu wagavye ibitero bitari bike vy’ubwiyahuzi muri uyu mwaka.

Igitero cagirijwe umuhari ISIS ku biro vy’itora mu buraruko bwa Iraki cahitanye ubuzima bw’umuporisi umwe, nkuko amakuru ava mu bajejwe umutekano yabivuze. Ibibuga vy’indege vyari vyugawe, eka n’ingendo hagati y’intara zari zahagarikijwe, mu gihe abitabira amatora babanza gusakwa bikomeye bashitse ku biro vy’amatora. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG