Uko wahagera

RDC: Abarobeli Barishe Abantu 8 muri Beni


Amazu yaturiwe inyuma y'igitero ca ADF mu mihana y'i Manzalahohafi ya Beni, RDC, kw'itariki ya 18/02/2020
Amazu yaturiwe inyuma y'igitero ca ADF mu mihana y'i Manzalahohafi ya Beni, RDC, kw'itariki ya 18/02/2020

Abarobeli barateye imihana muri Beni, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo, bica abantu hafi umunani bongera banyuruza abandi benshi mu mpera z’iyi ndwi irangiye. Abategetsi b’aho vyabereye ni bo babivuze.

Ibitero vya mbere vyabaye mw’ijoro ryo ku musi wa gatanu mu mihana y’udusagara twa Mbingi na Mapasana.

Umukuru wa Sosiyete sivile, Kinos Katuo, yavuze ko muri utwo dusagara abantu bane bishwe barashwe, amapikipiki umunani hamwe n’amazu atari make biraturirwa.

Katuo yavuze ko ikindi gitero co kuri uyu w’Imana c’abarobeli bo mu muhari ADF catewe hafi y’imihana y’i Mangazi, kandi ko umurobeli umwe yishwe igihe abasirikare bariko barasubiza inyuma ivyo bitero. Yongeyeko ko abo barobeli baciye bungururiza mu mihana y’i Matekelambi na Mabuo, aho igitigiri c’abapfuye cashitse kuri bane, n’abatari bake baburiwe irengero.

Nta makuru ava mu gisirikare aravyemeza, ariko umukuru w’igisagara Oicha kihegereye, Nicolas Kikuku, yavuze ko ata gukekeranya abo barwanyi bari muri ako karere. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG