Uko wahagera

OTAN Iriko Iriga ko Inteko za G5 Sahel Zishigikirwa na ONU


Umusirikare wa Mali mu myimenyerezo bahabwa n'ubutumwa bw'ubumwe bwa Buraya mu ntara ya Mopti, muri Mali kw'itariki ya 23/3/2021
Umusirikare wa Mali mu myimenyerezo bahabwa n'ubutumwa bw'ubumwe bwa Buraya mu ntara ya Mopti, muri Mali kw'itariki ya 23/3/2021

Ishirahamwe OTAN ryo mu bihugu vyo mu burengero bw’isi ryishinze kurwaniriza umwansi hamwe ririko ririga uburyo ryokomeza urunani rwa gisirikare rwa G5 Sahel ruriko rurarwanya iterabwoba mu bihugu bitatu bisangiye imbibe ari vyo Mali, Nijeri na Burkina Faso. Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres yabivuze mu kete yandikiye akanama ka ONU kajejwe umutekano ryabonwe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP kuri uyu wa kane.

Guterres yavuze ko hakenewe gushingwa ibiro bizofasha inteko za G5 zigizwe n’abasirikare 5000 bava muri Mali, Mauritaniya, Nijeri, Cadi na Burkina Faso. Ivyo biro bizohabwa uburyo bw’amafaranga buvuye mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Ariko Reta zunze ubumwe za Amerika, igihugu gitanga uburyo bunini bw’amafaranga muri ONU, iramaze kwanka uyo mugambi, ushimwa n’Ubufaransa hamwe n’ibihugu bitari bike vya Afrika.

Reta zunze ubumwe za Amerika yamye ivuga ko ishima ko imfashanyo zayo zihabwa ibihugu vya Sahel zitarinze gucishwa muri ONU.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG