Uko wahagera

Abimukira 17 Batowe Bapfuye ku Nkengera z'Amazi za Libiya


Ibiziga 17 vy’abimukira vyatowe ku nkengera z’amazi ya Libiya, inyuma y’aho ubwato bwabo bwibiriye mu mazi bariko bagerageza kwinjira ku mugabane wa buraya baciye mw’ibahari. Abajejwe gucungera imbibe z’amazi babivuze kuri uyu wa gatatu.

Libiya ni wo muhora abimukira bakunda gukoresha. Abaharurwa mu bihumbi barawucamwo mu bwato buri mwaka kugira bashike mu Butaliyano, urugendo rw’ibirometero 300 mu mazi.

Ibiro vya ONU bijejwe abimukira, OIM, bivuga ko igitigiri c’abimukira bapfiriye mw’ibahari bagerageza kujabuka mu Burayi ciyongereye incuro zirenga zibiri muri uyu mwaka ugereranije n’iki kiringo nyene mu mwaka wa 2020.

Mu kwezi kw’icenda, OIM yaharuye abimukira 1369 bapfiriye mw’ibahari Mediterane kuva mu ntango z’uyu mwaka.

Ibi bitigiri bishasha vy’abapfuye bivuzwe inyuma y’aho abategetsi ba Libiya batanguriye urugamba rwo kurondera abimukira batagira ibibaranga mu micungararo y’umurwa mukuru Tripoli. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG