Uko wahagera

ONU Iraganira ku Ngingo ya Etiyopiya yo Kwirukana Abakozi ba ONU


Abasirikare ba Etiyopiya baja i Abi Adi,mu ntara ya Tigre, mu buraruko bwa Etiyopiya, kw'itariki ya 11/05/2021.
Abasirikare ba Etiyopiya baja i Abi Adi,mu ntara ya Tigre, mu buraruko bwa Etiyopiya, kw'itariki ya 11/05/2021.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, kuri uyu wa gatatu, arabwira akanama ka ONU kajejwe umutekano uko Etiyopiya iherutse kwirukana ubutarariye abategetsi indwi bayo bakorera mu gisata co kugarukira ku banyagihugu.

Bugize kabiri mu kiringo kiri munsi y’indwi, ako kanama gakorana ku kibazo ca Etiyopiya, aho reta y’umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed, yatangaje kw’itariki ya 30 y’ukwezi kw’icenda ko abo bategetsi ba ONU bahawe amasaha 72 kugira bave mu gihugu.

Reta yabagirije kuba barivanze muvy’igihugu no kuba baranyuruje imfashanyo zigenewe abanyagihugu hamwe n’ibikoresho vyo gutumanako amakuru babiha abarobeli bo mu ntara ya Tigre.

Abategetsi birukanwe ubutakigaruka barimwo icegera c’umukuru ajejwe ivy’imfashanyo muri ONU, hamwe n’uwuserukira UNICEF muri Etiyopiya.

Ku musi wa mbere, ONU yaremeje ko abo bategetsi bayo batakiri muri Etiyopiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG