Uko wahagera

Abategetsi ba ONU Baheruka Kwirukanwa na Etiyopiya Baratashe


Abasirikare ba reta ya Etiyopiya mu ntara ya Tigre mu buraruko bw'igihugu.
Abasirikare ba reta ya Etiyopiya mu ntara ya Tigre mu buraruko bw'igihugu.

Abategetsi indwi ba ONU baheruka kwirukanwa na Etiyopiya ntibakiri muri ico gihugu. Umuvugizi wa ONU, Farhan Haq yavyemeje kuri uyu wa mbere, avuga ko vyakozwe ku mutekano wabo.

Ku musi wa kane, reta y’umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed yahaye abo bategetsi amasaha 72 kugira bazobe bavuye muri Etiyopiya. Reta yabagirije kuba barivanze muvy’igihugu no kuba baranyuruje imfashanyo zari zigenewe abanyagihugu hamwe n’ibikoresho vyo gutumanako amakuru babiha abarobeli bo mu ntara ya Tigre.

Abategetsi birukanwe ubutakigaruka barimwo icegera c’umukuru ajejwe ivy’imfashanyo muri ONU, hamwe n’uwuserukira UNICEF muri Etiyopiya.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavuze ko Etiyopiya ata mategeko ayemerera kwirukana abakozi bayo kuko bakingiwe n’ubudahangagwa bahabwa n’amasezerano mpuzamakungu.

Reta ya Etiyopiya yavuze ko ONU ishobora gusubiriza abo bakozi bayo birukanwe, ariko umuvugizi wa ONU yavuze ko ata mugambi babifitiye. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG