Uko wahagera

Amerika Isaba Abasirikare muri Gineya Gutanga Ikirangamisi c'Amatora


Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire n'amakungu bwa Amerika, Ned Price, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Washington
Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire n'amakungu bwa Amerika, Ned Price, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Washington

Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa mbere yasavye umusirikare yakoze kudeta muri Gineya gushiraho itariki y’amatora, inyuma yo kurahira nka perezida w’imfatakibanza.

Colonel Mamady Doumbouya yavuze ko iki kiringo mfatakibanza kizoshikana igihugu ku butegetsi bw’abasivile. Ariko igihe arahira ku musi wa gatanu kurongora ico gihugu co mu burengero bwa Afrika, nta kirangamisi yatanze ubutegetsi bwiwe buzomara.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire muri Amerika, yahanuye akagwi k’abasirikare kafashe ubutegetsi muri Gineya kugena umusivile arongora reta mfatakibanza. Yasavye kandi ko hashingwa ikirangamisi c’amatora azogarukana ubutegetsi bw’abasivile, demokarasi hamwe n’igihugu kigira kw’ibwirizwa shingiro.

Uwo muvugizi w’ubwo bushikiranganji yavuze ko abasivile bagizwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, abakenyezi hamwe n’imigwi yakumiriwe bakwiye guhabwa ibibanza mu butegetsi bw’imfatakibanza.

Abasirikare, kw’itariki ya 5 y’ukwezi kw’icenda barakuye ku butegetsi Alpha Conde, inyuma y’aho mu mwaka uheze atorewe kurongora ikiringo ca gatatu, ar’uko yahinduye ibwirizwa shingiro. Ibi vyatumye abanyagihugu baja mu myiyerekano yamwiyamiriza. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG