Uko wahagera

Boko Haram Yateye Ikambi y'Abarwanyi Bayo Bishikanye ku Butegetsi


Ikarata yerekana Damboa, muri Nijeriya
Ikarata yerekana Damboa, muri Nijeriya

Umuhari w’iterabwoba Boko Haram wateye ikambi yashizwemwo abarwanyi bawo bishikanye ku butegetsi, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya. Igisirikare cabitangaje kuri uyu w’Imana.

Ico gitero co ku musi w’Imana cabereye mu gisagara ca Damboa muri reta ya Borno, inyuma y’aho ibihumbi vy’abarwanyi ba Boko Haram n’imiryango yabo bishikanye mu mezi aheze inyuma y’urupfu rw’umurongozi wabo mu kwezi kwa gatanu.

Igisirikare cavuze ko inteko zaco zasubije inyuma abarwanyi ba Boko Haram bari baje gutera iyo kambi, ariko nticavuze ko hoba hari abahasize ubuzima.

Boko Haram yarisuganije bikomeye mu turere igenzura mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya kuva mu kwezi kwa gatanu, igihe umukuru wayo Abubakar Shekau yiyiciye atinya gufatwa n’akagwi k’abajihadiste badacana uwaka hagati yabo.

Abantu barenga 40.000 barishwe abandi imiriyoni zibiri barahunga ingo zabo kubw’iyo ntambara yo muri Nijeriya yatanguye kuva mu 2009, mu nyuma ica itandukira hanze y’imbibe muri Nijeri, Cadi na Kameruni.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG