Inama nshimgamateka na nkenguzamateka vya Amerika vyemeje itegeko rigenga amafranga igihugu kizokoresha gushika mu kwezi kw’icumi na kabiri.
Inama nshingamateka yemeje iryo tegeko ku musi wa kane mu vyatumye imirimo ya reta idahagarara amasaha makeyi imbere y’ikiringo ntagerengwako c’isaha zitandatu zo mw’ijoro mu masaha y’i Washington DC, aho amafranga reta ikoresha yari kuba arangiye.
Abashingamateka batoye iryo tegeko ku majwi 254 kw’i 175. Bakaba barungikiye iryo tegeko Prezida Joe Biden kugira aritereko igikumu.
Iryo tegeko ritegekanya amafranga reta izokoresha gushika kw’italiki 3 z’ukwezi kw’icumi na kabiri.
Abademokrate bose batoye iryo tegeko mu gihe abarepublikani 34 aribo bonyene baritoye.
Inama nkenguzamateka yari yaritoye imbere yaho ku majwi 65 kuri 35.
Yamara iryo tegeko si inyishu ntamanduka. Ibiganiro ku vyerekeye kwemeza itegeko ritegekanya amafranga reta izokoresha mu kiringo c’umwaka muzima bizobandanya.
Inama nshsingamateka iriko kandi yitegurira gutora itegeko ritegekanya amafranga reta izokoresha mu bijanye n’inyubako nk’amabarabara, ibiraro, ibivuko n’ibindi. Iryo tegeko ritegekanya imiliyaridi igihumbi y’amadolari ku bijanye n’uwo mugambi.
(Reuters)
Facebook Forum