Uko wahagera

Abatalibani Barahakana Guha Indaro Al-Qaida


Umuvugizi w'Abatalibani Zabihullah Mujahid mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Kabul
Umuvugizi w'Abatalibani Zabihullah Mujahid mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Kabul

Abatalibani muri Afuganistani bamiriye kure ico bise amajambo atagira ishingiro ya Reta zunze ubumwe za Amerika, ivuga ko ifise amakenga ko al-Qaida, canke imihari iwukomokako, ifise ibirindiro muri ico gihugu co mu bumanuko bwa Aziya.

Umuvugizi w’abatalibani, Zabihullah Mujahid yabivugiye i Kabul, inyuma y’imisi umuhari w’iterabwoba, ISIS-K, wemanze ko ari wo wakoze ibitero vya bombe ku barwanyi b’abatalibani mu ntara ya Nangarhar yo mu buseruko.

Ibi bivuzwe na Mujahid, bikurikiye igabisha ry’iperereza rya Amerika ryavuze ko al-Qaida hamwe n’imihari ishamikiye ku muhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu bari mu nzira bagana muri Afuganistani. Iryo perereza ryavuze kandi ko bagiye bisunga abatalibani bamaze indwi zitanu bafashe ubutegetsi.

Umuvugizi w’Abatalibani yaneguye ayo mabombe yatewe na ISIS-K i Nangarhar. Yavuze ko umuhari avugira wiyemeje guhagarika ubwo bwicanyi kandi umuhari ISIS-K utari intambamyi ku mutekano. Yavuze ko ibi bitero vyabaye ivya nyuma kandi ata bindi uzosubira kugaba muri kazoza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG