Abantu icenda barishwe mu gitero cabereye mu mihana yo mu karere k’ikiyaga Cadi, akarere kasinzikajwe n’ibitero vy’abajihadiste. Ibi vyavuzwe na buramatari w’ako karere hamwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike kuri uyu wa kabiri.
Buramatari Mahamat Fadoul Mackaye, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, ko Boko Haram yateye imihana y’i Kadjigoroum bica abantu icenda bongera baturira iyo mihana yose.
Mu kwezi kwa munani, abasirikare 26 barishwe mu gitero ca Boko Haram mu karere k’ikiyaga Cadi, ku birometero 120 mu buraruko bw’umurwa mukuru, N'Djamena.
Mu kwezi kwa gatatu 2020, abandi basirikare 100 ba Cadi barishwe mu gitero Boko Haram yakoze mu kazinga k’ikiyaga Bohoma, ivyetumye mu mezi yakurikiye uwahoze ari perezida wa Cadi, Idriss Deby Itno atanguza ibitero nsimusiga ku bajihadiste.
Facebook Forum