Uko wahagera

Amerika Yasubije Iwabo Abimukira Bamuka muri Haiti


Indege y'igisata kijejwe impunzi muri Amerika ishikanye abimukira bamuka muri Haiti i Port-au Prince
Indege y'igisata kijejwe impunzi muri Amerika ishikanye abimukira bamuka muri Haiti i Port-au Prince

Reta zunze ubumwe za Amerika iriko iragerageza kuzibira urubibe ihana na Mexique mu gasagara ko muri Reta ya Texas, aho abimukira bava muri Haiti bashinze ibirindiro. Ariko abo bimukira baciye bihuta kurondera ayandi mayira bacamwo yo hafi y’aho.

Uku kugerageza kwugara urwo rubibe kwari gutumbereye kuzibira umuzo w’abo bimukira. Ibi vyabaye kuri uyu w’Imana mu gihe abategetsi batanguye kwuriza indege bamwe muri abo bimukira babasubiza mu gihugu cabo.

Benshi muri abo bimukira bari bamaze imyaka baba mu bihugu vyo muri Amerika y’epfo, ariko ubu bariko barondera ubuhungiro muri Reta zunze ubumwe za Amerika kuko ubuzima bwabananiye muri Brezile n’ahandi. Abaharurwa mu bihumbi ubu baba munsi no hafi y’ikiraro, mu gasagara ka Del Rio ka Texas gahana ububibe na Mexique.

Hagati aho, Reta zunze ubumwe za Amerika yatahukanye abanyehaiti buzuye indege zitatu, bakuwe muri ico gisagara ca Del Rio muri Texas. Umutegetsi muri Amerika atashimye ko amazina yiwe ashirwa ahagaragara, yavuze ko ahubwo hagiye kuzoza hararungikwa abuzuye indege zitandatu buri musi, i Port-au-Prince, ku murwa mukuru wa Haiti.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG