Reta ya Gabon ivuga ko Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryakuye abasirikare bayo 450 muri Centrafrika, bo mu nteko ziri kubungabungayo amahoro. Ni inyuma y’ivyagiriji vy’uko bakoze ivyaha bishingiye ku busambanyi hamwe n’irindi hohotera.
Ubushikiranganji bwa Gabon bwo kwivuna abansi bwavuze kuri uyu wa gatatu ko bwuguruye amatohoza kuri ivyo vyagiriji. Buvuga ko mu gihe vyoboneka ko ari ukuri, ababikoze bazorengutswa imbere y’amasentare ya gisirikare.
Umugwi wa ONU warungitswe muri Centrafrika mu 2014 kurangiza umutekano muke watewe n’indyane zishingiye ku madini n’amoko zatanguye mu 2013 muri ico gihugu.
ONU ifise abasirikare barenga 10 000 muri Centrafrika. Bakunze kwagirizwa ivyaha bishingiye ku gitsina. Kiretse Gabon hari n’abasirikare b’ibindi bihugu muri izo nteko bagirijwe ico caha muri kahise. (AP)
Facebook Forum