Uko wahagera

Ikigo CIA Cemeza ko Al-Qaida Ishobora Kwiyubaka muri Afuganistani


Abarwanyi ba Al Qaida
Abarwanyi ba Al Qaida

Hari ibimenyetso birushiriza kugwirirana ko abanywanyi b’imihari y’iterabwoba al-Qaida na reta ya kiyisilamu bariko berekeza amaso yo kuzogira amacumbi muri Afuganistani, kuva aho Abatalibani bafatiye ubutegetsi mu kwezi guheze.

Raporo z’ibanze zasohowe mu ndwi iheze zerekanye ko ibiganiro hagati y’iyo mihari y’iterabwoba vyiyongereye, aho bagaragaza ko bipfuza kuja muri Afuganistani. Ariko umutegetsi mw’iperereza rya Reta zunze ubumwe za Amerika yavuze kuri uyu wa kabiri ko bamwe baza bamaze gutangura urwo rugendo berekeza Afuganistani.

Icegera c’umuyobozi w’ikigo ca Amerika kijejwe iperereza, CIA, David Cohen, yavuze kuri uyu wa kabiri ko hariho ibimenyetso vya bamwe mu ba al-Qaida bariko berekeza muri Afuganistani. Yavuze ko amakungu atabaye maso, al-Qaida ishobora gusubira kwisuganya mu mwaka umwe.

Ibindi bigo vy’iperereza kw’isi bifise amakenga ko abategetsi bakuru ba al-Qaida ubu baba muri Irani, nka Saif al-Adel, umukomanda wo ku rwego rwa kabiri, na we nyene ata nkeka azoja muri Afuganistani.

Iri gabisha ry’ikigo CIA rikurikiye amakenga yashikirijwe n’abandi bategetsi mu makungu bajejwe kurwanya iterabwoba hamwe n’abasesenguzi ko Afuganistani igiye kwongera kuba icumbi ry’iterabwoba. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG