Uko wahagera

RDC: Imiriyoni 17 z'Amadolari zo Kwubaka Ibitaro Zaranyurujwe


Ibitaro vyo mu gihugu hagati muri RDC
Ibitaro vyo mu gihugu hagati muri RDC

Abategetsi bo mu gisata c’amagara y’abantu muri Republika ya demokarasi ya Kongo barananiwe gusigura irengero ry’amamiliyoni y’amadolari yari agenewe kwubaka ibitaro n’ayandi mavuriro. Ibi vyashikirijwe n’ishirahamwe ritegamiye reta, rijejwe kugenzura ivy’amafaranga, kuri uyu wa mbere.

Iryo shirahamwe, The Congolese arm of the Publish What You Pay global network, ryavuze ko ryatohoje imigambi 35 mu migambi 77 yari yahawe amafaranga na reta angama imiriyoni z’amadolari zirenga 17 mu 2019.

Iryo shirahamwe rivuga ko hakozwe ibintu bike cane, ko ata mugambi n’umwe wigeze urangira. Rivuga kandi ko ryashikirije raporo umushikiranganji w’amagara y’abantu, hasigaye indwi zibiri ngo raporo yabo ishirwe ahagaragara.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaranga, AFP, ryarondeye umushikiranganji vyega ngo yisigure ariko yanse kugira ico avuga. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG