Uko wahagera

Abanyororo Bashika 40 Bishwe n'Umuriro mw'Ibohero muri Indoneziya


Umuporisi ahagaze hafi y'ibiziga vy'abaturiwe n'umuriro biri mu mifuko mu buruhukiro bw'ibitaro, i Tangerang, muri Jakarta, Indoneziya. Kw'itariki ya 8/09/2021
Umuporisi ahagaze hafi y'ibiziga vy'abaturiwe n'umuriro biri mu mifuko mu buruhukiro bw'ibitaro, i Tangerang, muri Jakarta, Indoneziya. Kw'itariki ya 8/09/2021

Abanyororo bashika kuri 41 bishwe n’umuriro mw’ibohero ry’i Tangerang, mu burengero bw’umurwa mukuru Jakarta muri Indoneziya, mu gaturuturu ko kuri uyu wa gatatu.

Umushikiranganji ajejwe amategeko n’agateka kazina muntu, Yasonna Laoly, yabwiye abamenyeshamakuru i Jakarta ko uwo muriro wadutse igihe c’isaha 7 n’iminota 45 z’agatondo mu masaha ya Indoneziya. Yongeyeko ko usa n’uwatewe n’intsinga z’umuyagankuba ariko igiporisi kiracari mu matohoza.

Iryo bohero ryarimwo abanyororo 2,072, barenze ibice 400 kw’ijana kubo ryategekanirijwe.

Abanyororo 40 muri bo bapfiriye aho nyene, uwundi umwe asandabira mu nzira atwawe kwa muganga, nkuko uwo mutegetsi yavuze. (AP, Reuters na AFP).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG