Uko wahagera

ONU Yizeye Kuzosubira Gutanga Imfashanyo muri Afuganistani


Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko rifise icizere co gusubira kurungika imfashanyo muri Afuganistani ziciye ku butaka. Umukuru w’igisata ca ONU kijejwe imfashanyo yarabonanye muri iyi ndwi n’abategetsi bo hejuru b’Abatalibani muri Afuganistani.

Martin Griffiths arongoye igisata ca ONU kijejwe imfashanyo, yavuze ko yemerewe n’ubutegetsi bw’Abatalibani ko bashobora kubandanya ibikorwa vyabo vyo gufasha hafi igice c’abanyagihugu bari mu kaga n’ubukene.

Afuganistani yari isanzwe mu bihe vyo gufashwa imbere y’uko Abatalibani bafata ubutegetsi kw’itariki 15 z’ukwezi kwa munani. Kuri uyu wa kabiri, Abatalibani batangaje reta yabo nshasha. Amakungu avuga ko arindiriye kuraba nimba bazoshobora gukorana nabo.

Abanyefuganistani bashika imiriyoni 18 bakeneye ibifungurwa, amazi meza, ubuvuzi hamwe n’ibindi vya nkenerwa, mu gihe ibihe vy’imbeho vyegereje.

Ku musi wa mbere, ONU izotumako inama y’abatanga imfashanyo i Geneve mu Busuwisi. Amafaranga akenewe gufasha Abanyagihugu muri Afuganistani ashika imiriyoni 606 z’amadolari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG