Umunyaporitike atavuga rumwe na Reta ya Sao Tome, Carlo Vila Nova, yatsinze incuro ya kabiri y'amatora y'umukuru w'igihugu.
Vila Nova, yahoze ari umushikiranganji ajejwe inyubako muri Sao Tome. Yatsinze umukandida bahiganwa w’umugambwe uri ku butegetsi, Guilherme Posser da Costa, mu matora yari yatebejwe.
Ni kubw’ibiharuro vy’agateganyo vy’ivyavuye muri ayo matora vyatangajwe n’urwego rw’igihugu rujejwe amatora.
Vila Nova yatsinze ku majwi 57.3 kw’ijana vy’amajwi, mu gihe Guilherme Posser da Costa yari ashigikiwe n’umugambwe uri ku butegetsi yaronse 42.46 kw’ijana vy’amajwi, nkuko vyatangajwe n’itororkanirizo ry’amakuru ryo muri Sao Tome na radiyo y’igihugu.
Vila Nova, afise imyaka 79 mur’iki gihe, azosubirira Evaristo Carvalho, atarondeye ikiringo ca kabiri c’imyaka itanu c’amabanga y’umukuru w’igihugu ahanini ari ay’icubahiro.
Sao Tome ibonwa ko ari akarorero keza ka demokrasi mu kigobe ca Gineya.(VOA)
Facebook Forum