Uko wahagera

Umukinyi w'Amasinema w'Icamamare Jean Paul Belmondo Yitavye Imana


Jean-Paul Belmondo
Jean-Paul Belmondo

Umufaransa yabaye rurangiranwa mu gukina amasinema, Jean-Paul Belmondo, yitavye Imana afise imyaka 88 y’amavuko. Urupfu rwiwe rwemejwe kuri uyu wa mbere n’ibiro vy’umushingwamanza wiwe, inyuma y’imyaka 50 yari amaze muri uyo mwunga.

Belmondo yakinye amasinema arenga 80.

Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron yanditse kuri Twitter ko Belmondo yari itunga ku gihugu. Yavuze kandi ko Abafaransa bose bamwiyumvamwo.

Belmondo, yatazirwa Bebel, yavutse kw’itariki 9 z’ukwezi kwa kane, 1933, i Neuilly-sur-Seine, mu micungararo y’umurwa mukuru Paris. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG