Uko wahagera

Uganda Yataye muri Yompi Umunyarwanda Yagiriza Ubumaneko


Lawrence Muganga
Lawrence Muganga

Abajejwe umutekano muri Uganda kuri uyu wa kane barahagaritse umwe mu bigisha bakomeye muri Kaminuza, akekwako ibikorwa vyo gusumira urusaku igisirikare c'u Rwanda. Igisirikare ca Uganda cabishikirije kuri uyu wa kane.

Lawrence Muganga, icegera c’umukuru wa kaminuza y’abigenga yitwa Victoria University, yahagarikiwe mw’ibarabara ku murwa mukuru Kampala.

Ababonye ihagarikwa ryiwe ku mbuga ngurukana bumenyi bavuze ko bakeka ko yafashwe abonwa nk’uwuri hafi y’iperereza ry’igisirikare c’u Rwanda, rutarabana ryiza na Uganda.

Umuvugizi w’igisirikare muri Uganda, Brigadier Flavia Byekwaso, yavuze ko Muganga yafashwe kuko akora ibikorwa vyo gusuma urusaku kandi abaye mu gihugu mu buryo butemewe n'amategeko.

Mu ntango z’uyu mwaka, Muganga yararongoye ibikorwa bigamije gusaba ko Abanyarwanda baba muri Uganda bitwa Abavandimwe, kuko avuga ko bacinyijwe kandi bimwe ivyo bemerewe n'amategeko nk’ikarata karangamuntu kuko babonwa nk’abanyamahanga.

Muganga, yavukiye muri Uganda, aho abavyeyi biwe bahungiye mu makambi y’impunzi inyuma yo kuva mu Rwanda bahunze ubwicanyi kivunga bushingiye ku moko mu myaka y’ 1950.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG