Uko wahagera

Perezida Biden Yunamiye Ibiziga vy'Abasirikare Biciwe muri Afuganistani


Perezida Joe Biden yunamira ibisigarira vy'abasirikare bapfiriye ku kibiga c'indege i Kabul. Delaware, kw'itariki 29/12/2021
Perezida Joe Biden yunamira ibisigarira vy'abasirikare bapfiriye ku kibiga c'indege i Kabul. Delaware, kw'itariki 29/12/2021

Perezida Joe Biden hamwe n’umutambukanyi wiwe babonanye n’imiryango y’abasirikare 13 ba Reta zunze ubumwe za Amerika bishwe n’umwiyahuzi hafi y’ikibuga c’indege c’i Kabul muri Afuganistani mu ndwi iheze.

Abanyefuganistani hafi 170 ni bo biciwe muri ico gitero.

Abo basirikare bari ku rugero rw’imyaka iri hagati ya 20 na 31, aho batanu bapfuye bafise imyaka 20. Imiryango yabo yabonanye na Perezida mw’ikambi y’abasirikare barwanira mu kirere muri reta ya Delaware kuri uyu w’Imana, aho bakoreye umuhango wo kwakira ibisigarira vy’abiciwe mu rugamba mu mahanga.

Ico gitero cabaye mu ndwi iheze igihe ibihumbi vy’abantu bari bakoraniye hanze y’ikibuga c’indege, bariko barahunga Afuganistani, inyuma y’aho Abatalibani bafatiye igihugu.

Ishami ry’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu muri Afuganistani ryaremanze ko ari bo bakoze ico gitero. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG