Uko wahagera

Abatalibani Basaba Amerika Kwubahiriza Itariki yo Kuva muri Afuganistani


Abarwanyi b'Abatalibani bari mu Gukizura i Kabul
Abarwanyi b'Abatalibani bari mu Gukizura i Kabul

Abatalibani bagabishije kuri uyu wa mbere ko hashobora kuzoba ingaruka mu gihe Amerika hamwe n’abo bafatanije bogerageza kuguma muri Afuganistani inyuma y’indwi iza. Ni mu gihe Amerika iriko iranyarutsa utwigoro twayo two guhungisha ibihumbi vy’abanyagihugu bari mu kaga.

Abasirikare ba Amerika ibihumbi barasubijwe muri Afganistani gufasha gukura ku kibuga c’indege c’i Kabul abanyamahanga hamwe n’Abanyafuganistani. Prezida Joe Biden araremerewe n’abamusaba kwongereza ikiringo c’itariki ya 31 y’ukwezi kwa munani yumvikanyweko ko abasirikare bose bazoba bavuye muri Afuganistani.

Prezida Biden hamwe na bagenzi we b’ibihugu bihurikiye muri G7 barabonana kuri uyu wa kabiri kugira bihwereze hamwe ingene bokorera hamwe ku kibazo ca Afganistani hamwe n’ubutegetsi bw’Abatalibani.

Umuhanuzi mu vy’umutekano mu biro kwa prezida, White House, Jake Sullivan yabwiye abamenyeshamakuru ko bizeye ko Abanyamerika bose bazoba bavuye muri Afuganistani iyo tariki itaragera. Ariko yongeyeko ko benshi mu bamaze gukurwayo ari Abanyefuganistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG