Uko wahagera

Amerika Yahanye Umutegetsi mu Gisirikare ca Eritreya ku Bwicanyi bwo muri Tigre


Umurimyi avuga ko yarashwe n'inteko za Eritreya avugana n'umudogiteri wo mu bitaro vya Mekele.
Umurimyi avuga ko yarashwe n'inteko za Eritreya avugana n'umudogiteri wo mu bitaro vya Mekele.

Reta ya Amerika yafatiye ibihano kuri uyu wa mbere umutegetsi mukuru wo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Eritreya, yagirizwa ibikorwa bihungabanya ikiremwa muntu mu ntambara yo mu ntara ya Tigre muri Etiyopiya.

Ubushikiranganji bw’ikigega muri Amerika bwavuze ko bwahanye Filipos Woldeyohannes, arongoye ibiro bikuru vya gisirikare muri Eritreya. Bimwe mu vyaha Amerika imwagiriza birimwo kwica abantu, gusahura hamwe n’ibishingiye ku gitsina.

Igisirikare ca Eritreya cagirizwa kuba cararashe abantu ikivunga mu mabarabara, gusaka amazu y’abanyagihugu, kwica abagabo n’imisore, hamwe no kwirukana imiryango y’Abanyatigreya mu mazu yabo bagaca bayigarurira hamwe n’ibirimwo vyose.

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Antony Blinken, yavuze nawe kuri uyu wa mbere ko Amerika izobandanya ikwirikirana abo bose bahungabanya uburenganzira bwa muntu muri Etiyopiya no gutuma intambara zibandanya.

Umushikiranganji wa Eritreya ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu yamiriye kure ivyo birego vya Amerika, akaba yavuze ko bidafise aho bishingiye.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko intambara muri Tigre zishe ibihumbi vy’abantu zongera zisiga abandi ibihumbi amajana mu nzara. (AP, Reuters na AFP).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG