Uko wahagera

Abanyeshure 15 Bari Baranyurujwe Basubijwe Abavyeyi muri Nijeriya


Abavyeyi Bashikirizwa abana babo banyurujwe, Bethel Baptist High School.
Abavyeyi Bashikirizwa abana babo banyurujwe, Bethel Baptist High School.

Muri Nijeriya, abagabo bitwaje inkoho barekuye abandi banyeshure 15, ku barenga 100 banyuruje mu kwezi kw’indwi babakuye mw’ishure ryisumbuye ryo mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu. Ni inyuma yo kwakira amafaranga bari basavye kugira babarekure, nk’uko vyavuzwe n’uwuserukira abavyeyi b’abo bana kuri uyu w’Imana.

Abitwaje inkoho batari bake barateye ishure ryisumbuye rritwa Bethel Baptist High School, kw’itariki ya 5 y’ukwezi kw’indwi mu micungararo y’i Kaduna, umurwa mukuru wa reta ya Kaduna, batwara abanyeshure 121 bari baryamye.

Iryo nyuruzwa riherutse kuba, ryakurikiye ayandi akorwa n’abo ubutegetsi bwita imirwi y’abasuma bitwaje inkoho ikora iterabwoba mu buraruko bushira uburengero no hagati muri Nijeriya. Bagirizwa kwiba mu maduka, kwiba ibitungwa no kunyuruza abantu bugwati kugira babarekure bahawe amafaranga.

Abanyeshure barenga 1 000 baramaze kunyuruzwa kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri inyuma y’aho iyo migwi itanguriye gutera amashure. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG