Uko wahagera

Abatalibani Bafashe Iyindi Mirwa Mikuru 2 y’Intara muri Afuganistani


Abarwanyi b'Abatalibani bahagaze kuri bariteri mu gisagara ca Kunduz mu buraruko bwa Afuganistani
Abarwanyi b'Abatalibani bahagaze kuri bariteri mu gisagara ca Kunduz mu buraruko bwa Afuganistani

Abatalibani kuri uyu wa kabiri bafashe iyindi mirwa mikuru ibiri y’intara muri Afuganistani kuri uyu wa kabiri, harimwo uwuri ku birometero 200 uva ku murwa mukuru w’igihugu, Kabul. Ibihumbi vy’abanyagihugu bahunze ingo zabo.

Ibisagara vya Farah na Pul-e-Khumri vyafashwe bikurikirana mu kiringo c’amasaha make. Ibindi bisagara bitandatu vy’imirwa mikuru y’intara vyaguye mu minwe y’abatalibani kuva ku musi wa gatanu ni ivyo mu buraruko bw’igihugu.

Abasirikare ba reta bariko kandi bararwana bikomeye mu ntara za Kandahar na Helmand, mu bumanuko bw’igihugu.

Reta zunze ubumwe za Amerika irangiza gukurayo abasirikare bayo mu mpera z’uku kwezi kandi isa n’iyavuye ku rubuga rw’intambara.

Ariko naho biri uko intumwa idasanzwe ya Amerika, Zalmay Khalilzad ubu ari muri Qatar kugerageza kugondoza Abatalibani ngo bemere guhagarika intambara. Izindi ntumwa za Qatar, Ubwongereza, Ubushinwa, Pakistani, ONU n’ubumwe bwa Buraya zitegekanya nazo kuganira ku kibazo ca Afuganistani, nkuko abo vyega babibwiye itororokanirizo ry’amakuru, AFP.

Ariko naho hari ikindi gice c’ibiganiro kiriko kiratunganwa, umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Amerika kujejwe kwivuna abansi, John Kirby yavuze ko ari aha reta ya Afuganistani n’inteko zayo kwirwanira, kandi ko ata kindi kirenze ishobora gukora ngo ifashe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG