Uko wahagera

USA: Buramatari Andrew Cuomo wa New York Yatanze Imihoho


Buramatari Andrew Cuomo
Buramatari Andrew Cuomo

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Buramatari Andrew Cuomo, wa reta ya York, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu yatangaje kuri uyu wa kabiri ko atanze imihoho, inyuma yo kwagirizwa n’abagore 11 bavuga ko yabahohoteye agamije kubasambanya.

Buramatari Cuomo yavuze ko uburyo bwiza bwo gufasha ari ukureka reta igasubira kurongorwa. Yavuze kandi ko uko gutanga imihoho kwiwe kuzoja mu ngiro inyuma y’imisi 14, mu gihe ubutungane bw’iyo reta bwari mu mugambi wo kumukura ku burongozi bw’intara ku nguvu bukoresheje impeachment.

Ariko naho atangaje ko agiye gukinjura, buramatari Cuomo yabandanije ahakana ivyo yagirizwa ko atubashe abagore, avuga ko ibitero yakorewe vyari bifise imvo za poritike.

Cuomo azoca asubirizwa n’umukenyezi w’umudemokrate, Lt. Gov. Kathy Hochul, w’imyaka 62 y’amavuko yahoze ari umushingamateka. Azoba abaye umukenyezi wa mbere atwaye reta ya New York. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG