Uko wahagera

Muri Nijeriya Abaganga Bahagaritse Akazi Kubwo Kudahembwa


Muri Nijeriya, abaganga bamaze igihe batahembwa mur’iki gihe ikiza ca covid-19 kigisibije, bahagaritse imirimo yabo nk’uko vyatangajwe n’itororokaniro ry’amakuru, Associated Press.

Muganga Olaniyi Olaoye hamwe n’abandi baganga bakorana mu bitaro vya kaminuza, State University Teaching Hospital, bamaze amezi atanu bataronswa agashahara kabo.

Kuva ikiza Covid-19 gitanguye, abo baganga baramaze amezi menshi bahembwa intica ntikize y’ibice 60% vy’umushahara wabo. Ivyo vyaratumye batandatu muri bo batanga imihoho.

Muri iki gihe, Olaoye hamwe n’abandi baganga ibihumbi 19 bo muri ico gihugu ca mbere ca Afrika gifise abanyagihugu benshi, barahagaritse imirimo yabo ku ncuro igira kane kuva ikiza ca Covid-19 cadutse. Ivyo vyatumye amavuriro n’ibitaro bikena abakozi.

Iryo hagarika ry’akazi ribaye mu gihugu ca Nijeriya, rije kugitera isibe kuva aho ubundi bwoko ikiza Covid-19, cadukiye kikandukira abantu benshi kuva mu kwezi kw’indwi.

Ibinyamakuru vyo muri ico gihugu biriko biratangaza amakuru avuga kw’abarwayi, bamwe bamwe bafise ibimenyetso vya Covid-19, batariko barakirwa mu bitaro kubera ubukene bw’abaganga hamwe n’abaforoma. Aho ni mu gihe abandi barwayi bahabwa uburenganzira bwo kwitahira batavuwe, abandi nabo bakagumizwa mu bitaro batariko baravurwa.

Abamenyeshamakuru bakorera itororokanirizo ry’amakuru Associated Press bavuga ko biboneye abarwayi ku bitaro basubizwa inyuma bagishika mu cumba c’ibitaro cakirirwamwo imbabare ziremvye cane.

Umushikiranganji w’igihgu ca Nijeriya ajejwe amagara y’abantu Ehanire yanse kugira ico avuze kuri ubwo bukene bw’abaganga.

Iryo gaririza ry’akazi rigira kane kuva ikiza ca Covid-19 caduka, ni ryo rya mbere rimaze igihe kirekire.

Ehanire avuga ko ariko arakora ibishobotse vyose kugira ngo abo baganga basubire ku mirimo yabo, naho yigeze gutangaza kw’ibibazo abo baganga bafise, bidashobora gutorerwa umuti n’ubushikiranganji arongoye, ahubwo bizotorerwa umuti n’amareta atandukanye agize ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG