Uko wahagera

USA: Igiporisi muri Florida Cafashe Amatoni 27 y'Ibiyayuramutwe


Cocaine Seizure

Igiporisi gikizura mu mazi muri reta ya Florida, catangaje kuri uyu wa kane ko cafashe ibiyayuramutwe vyo mu bwoko bwa Cocaine na cannabis bifise agaciro k’umuriyaridi 1 n’imiriyoni 400 z’amadolari.

Komanda Steve Poulin, akorera i Port Everglades muri reta ya Florida, mu bumanuko bwa Amerika, yabwiye abamenyeshamakuru ko ibi ari vyo biyayuramutwe vyinshi bafashe mu gihe gito muri kahise ka Amerika.

Ibi biyayuramutwe bingana amatoni 27 ya Cocaine n’ibiro 650 vya cannabis vyafashwe inyuma y’ibikorwa vyakozwe bifashishije indege mu kirere hamwe n’abaporisi b’igihugu kibanyi ca Canada bakizura inkengera z’amazi.

Abategetsi muri Amerika bavuga ko ibiyayuramutwe vyafashwe vyikuvye incuro zibiri zirenga ugereranije n’ivyafashwe mu mwaka wa 2020 wose. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG