Uko wahagera

Aba-Shona Bemewe nk'Ubwoko Bugira 45 muri Kenya


The community in Kenya has been stateless for over 50 years. (photo courtesy: Chief Joshua Kimemia)
The community in Kenya has been stateless for over 50 years. (photo courtesy: Chief Joshua Kimemia)

Abategetsi muri Kenya bahaye ubwenegihugu abantu 1600 bo mu bwoko bw’aba-Shona bari bamaze imyaka 50 mu gihugu batagira igihugu begukira. Ubwoko bw’aba Shona bwahora bwama buharanira agateka kabwo hamwe n’uburusho bufiswe n’abandi benegihugu ba Kenya.

Aba Shona bagerereye muri Kenya mu myaka hafi 50 nk’abamisiyoneri bavuye muri Zimbabwe na Zambiya ku butumire bwa perezida yashinze igihugu ca Kenya.

Ariko bamwe bavuga ko aba Shona bagifise ibibazo n’aho bamwe bagiye kuzohabwa uburusho. Robert Waweru wo mw’ishirahamwe ryigenga riharanira agateka ka muntu na demokarasi muri Kenya, avuga ko abo bantu bamaze igihe kirekire baribagiwe.

Kubw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Afrika irimwo abantu hafi 715 000 batagira igihugu begukira. Ubwoko bw’aba Shona buciye bugira ubwa 45 mu moko ari muri Kenya. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG