Uko wahagera

Abimukira Barenga 700 Baratabawe muri Mediterane


Ubwato butabara bwarokoye abantu barenga 700 bariko baragerageza kujabuka ibahari Mediterane bari mu mato mu mpera z'iyi ndwi iheze. Nka bose bafatiwe ku nkengera za Libiya n’izo kw’izinga rya Malte, nkuko ishirahamwe rifasha abimukira, OIM, ryabivuze kuri uyu w’Imana.

Ibi bitigiri vy’abimukira bingana uku bitangajwe mu gihe ishirahamwe rya ONU ryitaho abimukira ryongeye gutera akamo risaba ko hoba ukugabangana kungana kw’abimukira mu bihugu vya Buraya, aho kubatererekana ibihugu vyo muri Mediterane.

Ishirahamwe ry’abagiraneza SOS Mediteranee ryavuze ko ubwato bwaryo, Ocean Viking, bwakoze ingendo zitandatu mu mazi mpuzamakungu kuva ku musi wa gatandatu. Ryavuze ko ryonyene ryatabaye abantu 555 mu mpera z’iyi ndwi.

Libiya iracari umuhora mukuru ibihumbi vy’abimukira bacamwo bagerageza kujabuka Mediterane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG