Igisirikare c’igihugu hamwe n’ibisirikare vy’intara muri Etiyopiya bariko barahimiriza urwaruka kwifatanya na bo mu ntambara barimwo n’inteko z’intara ya Tigre.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Etiyopiya yabishikirije kuri uyu wa kabiri ariko arakira imikangara mishasha yinjiye mu gisirikare ku murwa mukuru, Addis Abeba. Ni mu gihe intambara mu ntara ya Tigre iriko iratandukira izindi ntara.
Ubutegetsi bw’intara zitari nke buriko burafasha mu gutanga abarwanyi bo mu mihari yabo yitwaje ibirwanisho hamwe n’abaporisi bakukurutse. Abategetsi bo muri izo ntara babwiye Ijwi ry’Amerika ko bamaze kwandika urwaruka 10 000 rwiyemeje kuja mu myimenyerezo ya gisirikare.
Mu mpera z’ukwezi kwa gatandatu, Etiyopiya yatangaje ko ihagaritse intambara mu ntara ya Tigre, ariko kuva ico gihe abarwanyi bo mu muhari TPLF baciye bagenzura umurwa mukuru w’iyo ntara no mu bumanuko.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka muntu baragabishije ko iyo ntambara yahungabanije agateka ka kiremwa muntu kandi ko mu gihe yokwira hose, yotuma ibintu bitoroha.(VOA)
Facebook Forum