Uko wahagera

Amazu Ibihumbi 10 Ashobora Gutongorwa n'Imiriro muri California


Imiriro yo Mw'ishamba muri California
Imiriro yo Mw'ishamba muri California

Amazu aharurwa mu bihumbi mu buraruko bwa reta ya California arabangamiwe n’imiriro yateye ako karere kandi iriko iratongora mu gice c’uburengero bwa Reta zunze ubumwe za Amerika.

Abategetsi bavuga ko amazu arenga 10 000 ageramiwe kandi abantu baba hafi y’ikiyaga Almanor basabwe kuhava, inyuma y’imiriro yibonekeje mu mpera z’indwi iheze.

Abategetsi bavuga ko imiriro ikomeye ibiri imaze gutongora hafi ibirometero kwadrato hafi 180 vy’amashamba mu makomine ya Plumas na Butte mu buraruko bw’igisagara Sacramento, muri California. Iyi miriro iri muri 86 iriko iraturira amashamba mu mareta 12 nka yose yo mu burengero bwa Amerika.

Abashinzwe kugendereza ibihe bavuga ko iterwa n’ubushuhe burenze urugero bwibonekeza mu bice bitari bike vya Amerika. Igice c’uburaruko bushira uburengero caronse ubushuhe buri ku gipimo ca degre Celsius 40 mu kwezi guheze. Igisagara ca Seattle, muri reta ya Washington, caronse degre Celsius 42, mu gihe i Portland, muri Oregon, hashikanye igipimo ca degre Celsius 47.

Abagendereza ibihe bavuga ko iyi ndwi igiye kubamwo ubundi bushuhe burenze muri Amerika nka yose. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG