Uko wahagera

Covid-19: Zimbabwe Yakiriye Incanco Zivuye mu Bushinwa


Abenegihugu ku murongo barindiriye gucandarwa COVID-19 i Harare, muri Zimbabwe, kw'itariki ya 8/07/2021.
Abenegihugu ku murongo barindiriye gucandarwa COVID-19 i Harare, muri Zimbabwe, kw'itariki ya 8/07/2021.

Zimbabwe yakiriye umuriyoni umwe w’incanco za Covid-19 zahinguwe n’ishirahamwe rikora imiti ryo mu Bushinwa, SINOVAC. Ni mu gihe ico gihugu co muri Afrika kiriko kirarwana kugira gikwize incanco gikeneye mu gice ca gatatu c’irwirirana ry’abandura rigihanze.

Izo ncanco zimaze gushika kuri uyu w’Imana, umushikiranganji w’ikigega ca reta, Mthuli Ncube, yiganiye abamenyeshamakuru ko Zimbabwe yarishe imiriyoni 92 z’amadolari ku ncanco imiriyoni 12 zavuye mu Bushinwa hamwe n’izo yaronkejwe n’umugambi COVAX.

Mu kiganiro yatanze muri iyi ndwi, Dr. Matshidiso Moeti, umuyobozi wa OMS ku mugabane wa Afrika, yavuze ko uwo mugabane uri mu gice ca gatatu c’igwirirana ry’abandura COVID-19. Avuga kandi ko ari ngombwa ko umugambi wo gucandaga abanyagihugu ku bwinshi utanguzwa bidatevye.

Zimbabwe imaze gushikana abantu barenga 97 270 bamaze kwandura uwo mugera, barimwo 3 050 umaze guhitana, nkuko bishikirizwa na kaminuza Johns Hopkins yo muri Amerika ikurikirana ku musi ku musi ibiharuro vy’abandura n’abicwa na wo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG