Uko wahagera

Inkino Mpuzamakungu Olempike Zishobora Gufutwa


Toshiro Muto ni umukuru w'umurwi ujejwe gutegura inkino mpuzamakungu Olempike z'i Tokyo.
Toshiro Muto ni umukuru w'umurwi ujejwe gutegura inkino mpuzamakungu Olempike z'i Tokyo.

Umukuru w’umurwi ujejwe gutegura inkino mpuzamakungu Olempike z’i Tokyo, Toshiro Muto yatangaje ku musi wa kabiri ko adakuramwo ivy’uko izo nkino zishobora gufutwa niyo ibitigiri vy’abandura ikiza ca Covid-19 vyatera vyiyongera bikomeye.

Ni mu gihe abanonotsi batari bake batera bapimwa uwo mugera, abaserukira amashirahamwe ashigikiye izo nkino nabo bakaba barahevye imigambi y’ukwitaba ibirori vy’ukwugurura izo nkino bizoba ku musi wa gatanu w’iyi ndwi.

Abajijwe niba inkino mpuzamakungu Olempike zishobora gufutwa, Toshiro Muto, yatangaje ko azokwirikiranira hafi ibitigiri vy’abandura umugera wa Covid-19, hanyuma avugane n’abandi bajejwe gutegura izo nkino hamwe vyokenerwa. Amenyesha ko bazobandanya ibiganiro.

Mu nyuma y'aho, umuvugizi w’abajejwe gutegura izo nkino yavuze ko bashimikiye ijana kw’ijana ku vyerekeye gutuma inkino zigenda neza.

Ibitigiri vy’abandura ikiza ca Covid-19 bitera vyiyongera mu gisagara ca Tokyo vyatumye haba impungenge zikomeye ku vyerekeye niba izo nkino mpuzamakungu, Olempike, zaza zarigijweyo umwaka kubera ico kiza zizoba ata barorerezi bahari.

Ubuyapani bwafashe ingingo ko abanonotsi bazozihiganirwamwo ata barorerezi bahari kugira bigabanye gushobora kwandura Covid-19.

Abategura izo nkino barimwo prezida w’umurwi mpuzamakungu w’inkino, Olempike, Thomas Bach, batangaje ko gufuta izo nkino bitigeze vyiyumvirwa, bemeye ko zizoba ata bibazo. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG