Uko wahagera

Amerika Izofata Iya mbere mu Guhangana n'Ihindagurika ry'Ibihe


Intumwa idasanzwe ya Amerika ku vyerekeye ihindagurika ry'ibihe, John Kerry

Prezida wa Amerika, Joe Biden yariyemeje ku vyerekeye kubona ko ibihugu bitunze bitanze imiliyaridi y’amadolari vyemeye ku mwaka y’ugufasha ibihugu bikenye kwijukira amasoko ntanganguvu atonona ibidukikije hamwe n’uguhangana n’inkurikizi z’isi itera ishuha kurushiriza. Ivyo vyatangajwe n’intumwa yiwe idasanzwe, ku bijanye n’ihindagurika ry’ibihe, John Kerry, ku musi wa kabiri.

John Kerry yatangaje ko yavuganye ubwiwe na Prezida Biden ku muhango ibihugu bitunze vyatanze mu biganiro vyerekeye ihindagurika ry’ibihe vyabaye mu mwaka w’i 2009 wari ujejwe gushirwa mu bikorwa uko umwaka utashe kuva mu mwaka w’i 2020. Amenyesha ko Biden yerekanye ukwiyemeza kwiwe ku vyerekeye gufasha gutuma iyo miliyaridi 100 y’amadolari iboneka.

Abaharanira ibidukikije n’abahinga mu vyerekeye gutanga amafaranga agenewe guhangana n’ihindagurika ry’ibihe basavye abategetsi ba Amerika gutanga amafranga bemeye y’ugufasha ibihugu biri mu nzira y’amajambere ata kinini vyakoze kugira bitume ubushue butera bwiyongera kw’isi.

Ubwongereza, buzokwakira ikoraniro rikomeye ry’ishirahamwe ONU kw’ihindagurika ry’ibihe muri Ecosse mu kwezi kw’icumi na rimwe, bwamenyesheje akatari gake ko kwubahiriza umuhango watanzwe ku mafanga agenewe guhangana n’ibidagurika ry’ibihe ari ikintu gihambaye kugira bizigirwe n’bihugu biriko biratera imbere n’ukuvyumvisha ku vyerekeye kwongereza utwigoro twavyo kugira bigabanye imyuka mibi birungika mu kirere ku giti cavyo. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG