Uko wahagera

Afrika y'epfo: Prezida Cyril Ramaphosa Yaragendeye Igice ca Soweto Casinzikajwe n'Imigumuko


Prezida wa Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa ariko agendera igice ca Soweto casinzikajwe n'imigumuko
Prezida wa Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa ariko agendera igice ca Soweto casinzikajwe n'imigumuko

Itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, AP, rimenyesha ko abantu batari musi ya 212 bapfuye muri urwo ruhagarara, benshi muribo bahonyanzwe igihe amamangazini yasahurwa. Abantu barenga 2,500 barahagaritswe bagirizwa ubusuma n’ugusambura ibintu.

Prezida Ramaphosa yatangaje ko batewe impungenge bikomeye n’ivyabaye. Yamara avuga ko bahakuye icirwa cuko bategerezwa guha inguvu kurushiriza inteko zijejwe umutekano.

Inyuma yuko ashimiye abafashije gukuraho ivyononekaye, yavuze ko abasahuye ibintu bazoshirwa imbere y’intahe.

Atangaza ko abasahuye n’abononye ibintu bose bazohagarikwa kandi bazoja mu munyororo mu kiringo kirekire.

Yarashimiye abanyagihugu bubahiriza amategeko kuba bagiye hamwe bakarwanya akajagari.

Yatangaje ko bunze ubumwe badashobora gutsindwa

Ivyo Ramaphosa yabitangaje ku musi w’ukwibuka amavuko ya Nelson Mandela yabaye prezida wa mbere w’umwirabure muri Afrika y’epfo. Ugutorwa kwiwe mu mabanga y’umukuru w’igihugu mu mwaka w’i 1994 vyarangije intwaro kadyanishamiryango ya apartheid.

Mu ntumbero y’ugutera iteka Mandela, abanyafrika y’epfo barakoze ibikorwa rusangi ku musi w’Imana. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG