Uko wahagera

Uruhagarara n'Ugusahura Muri Afrika y'Epfo Vyagabanutse


Abari mu myiyerekano barirko basahura amamangazini
Abari mu myiyerekano barirko basahura amamangazini

Yamara haracari ibice bikirangwamwo uruhagarara, cane cane mu gisagara kirimwo ikivuko ca Durban, aho amamangazini yasahuwe. Mu gisagara ca Johannesburg, hoho, abafise amamangazini n’abandi bahaba bariko bakuraho ibisigarira vy’ivyasahuwe n’ivyononekaye.

Muri ico gihe reta ya Afrika y’epfo itangaza ko yatanguye kurungika abasilikare 25,000 kugarukana umutekano mu bice bimaze imisi bigeramiwe n’uruhagarara n’akajagari.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, umupfasoni Nosiviwe Mapisa-Nqakula, yatangaje ko abasirikare bose hamwe bategerezwa gutabara ari 25,000 Umushikiranganji mfatakibanza mu biro vya prezida, Khumbudzo Ntshavheni, yatangaje ko igitigiri c’abapfuye cageze kuri 92 mu ntara ya KwaZulu Natal, Jacob Zuma ashigikiwe cane kurusha ahandi, mu gihe ico gitigiri ari 26 mu ntara ya Gauteng, irimwo igisagara ca Johannesburg. Muri rusangi abantu 117 bamaze gupfa gushika ubu. Abagera ku 2,203 baramaze guhagarikwa.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Naledi Pandor, avuga ko abanyafrika y’epfo botegerezwa guterwa impungenge zikomeye n’uruhagara hamwe n’ubugizi

bwa nabi biboneye. Amenyesha ko ubutunzi bwa Afrika y’epfo bwari butanguye kwogorora inyuma y’ingaruka z’ikiza ca Covid-19, buzosubira inyuma kubera ivyabaye. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG