Uko wahagera

Ubufransa Bufise Imigambi y'Ukugabanya Inteko Zabwo muri Mali


Abasirikare b'Ubufransa mu gisagara ca Gao muri Mali
Abasirikare b'Ubufransa mu gisagara ca Gao muri Mali

Mu ndwi iheze, prezida w’Ubufransa, Emmnanuel Macron, yatangaje ko igihugu ciwe kizotangura kwugara ibibanza bitatu vya gisirikare mu buraruko bwa Mali mu mpera z’umwaka w’i 2021.

Atangaza ko ico gikorwa kizotangura mu gice ca kabiri c’uyu mwaka w’i 2021, giherahezwe mu ntango z’umwaka w’i 2022. Ivyo yabitangaje inyuma y’inama yagiranye n’abategetsi b’ibihugu bigize umurwi G5 vyo mu karere ka Sahel, birimwo Mali, Burkina Faso, Cadi, Moritaniya na Nijeri.

Prezida Macron yatangaje ko abansi babo bahevye imigambi yabo y’ukwigarurira ubutaka, ko muri iki gihe bariko bakwiragiza iterabwoba mu karere ka Sahel no mu karere kose ko muri Afrika yo mu burengero.

Mu kiganiro bahaye Ijwi rya Amerika, bamwe mu banyamali barerekanye ko batanezerejwe n’ingingo y’ubufransa y’ukugabanya abasirikare bayo mu gihugu cabo. Bamenyesha ko ico gihugu cotegerezwa kugumiza inteko zaco muri Mali kugira zifashe inteko zaho. Yamara hari abandi bavuga ko hageze ko inteko z’Ubufransa ziva mu gihugu cabo.

Inteko z’Ubufransa zarungitswe muri Mali mu mwaka w’i 2013 mu kigoro k’ukurwanya imirwi y’intagondwa z’abayislamu iri mu buraruko bw’igihugu. (VOA News Center)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG