Uko wahagera

Gambiya: Yankuba Touray Yaciriwe Urubanza rw'Ugupfa


Gambiya kw'ikarata
Gambiya kw'ikarata

Yankuba Touray, yari mu basirikare bayoboye Gambiya mu kiringo c’imyaka 2 inyuma ya kudeta yabaye mu mwaka w’i 1994. Uyu yaranse gutanga ubuhamya mu mwaka w’i 2019 mu murwi ujejwe kunywanisha abanyagambiya n’uguha indishi y’akababaro abasinzikajwe n’amabi yakozwe ku ntwaro ya Yahya Jammeh.

Abashikirizamanza bamwagirije ko yagandaguye mu mwaka w’i 1995 Ousman Koro Ceesay yahoze ari umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta.

Ku musi wa gatatu, sentare ku murwa mukuru, Banjul yasanze Touray yagirwa n’ico caha nkuko bitangazwa n’itorokanirizo ry’amakuru ryo mu Bufransa, AFP. Umucamanza, yatangaje ko azomanikwa. Umushingwamanza wa Yankuba Touray yatangaje ko azokwunguruza uburanza.

Yahya Jammed yafashe ubutegetsi mu mwaka w’i 1994 muri kudeta yabaye ata maraso abanje guseseka.Yatwaye Gambiya akoresheje igitugu gushika mu kwezi kwa mbere mu mwaka w’i 2017 igihe yahungira muri Guinee Equatoriale inyuma yuko atsinzwe mu matora y’umukuru w’igihugu na Adama Barrow. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG