Uko wahagera

Afrika y’epfo: Inteko Zijejwe Guhagarika Uruhagarara mu gihugu Zigiye Kwongerezwa.


Abasirikare ba reta bariko bagenzura hanze y'ikibanza kigirirwamwo ububandaji mu gice ca Vosloorus, mu buseruko bw'igisagara ca Johannesburg, ku musi wa gatatu, italiki 14, ukwezi kw'indwi, umwaka w'i 2021

Reta itegekanya kwongereza abasirikare bagera ku 25,000 mu ntara zibiri aho iinteko zijejwe umutekanao zifise ibibazo vy’uguhagarika uruhagarara gusahura n’ugutirira inyubakwa bimaze imisi itari mike.

Ingingo y’ukwongereza inteko za reta izotuma ziyongera incuro cumi ku zari zarungitswe mu ntara zirimwo uruhagarara rukomeye kurushiriza za KwaZulu Natal na Gauteng. Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, Nosiviwe Mapisa-Ngakula, avuga ko basavye ko izo nteko zongerezwa.

Imyiyerekano muri Afrika y’epfo yatewe n’ifungwa rya Jacob Zuma yahoze ari prezida mu ndwi iheze kubera yanse kwitaba urwego rw’ubutugngane rujejwe gutohoza ruswa yagirizwa. Iyo ruswa yavuyemwo gusahura n’ishavu, ubukene n’ubusumbane bikomeye hagati y’abanyagihugu ku bijanye n’ubutunzi bidandanya kwibonekeza muri Afrika y’epfo. Ivyo inyuma yuko imyaka 27 irangiye intwaro karyanishamiryango ya apartheid irangiye muri ico gihugu.

Abantu barenga 70 baramaze kwicwa muri urwo ruhagarara rutari bwibonekeze mu gihugu mu kiringo c’imyaka itari mike. Ibibanza bikorerwamwo imirimo y’ubudandaji amajana n’amajana vyarasahuwe, ibindi vyarasambuwe, mu gihe ibindi vyaturiwe, cane cane mu ntara Jacob Zuma akomokamwo ya KwaZulu Natal, cane cane mu gisagara kirimwo ikivuko ca Durban. Ibifungurwa n’ibitoro bitaranguye gukena. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG