Uko wahagera

RDC: Matata Ponyo Mapon Yarungikiwe Umutahe w'Ukumuhagarika


Augustin Matata Ponyo Mapon, yahoze ari umushikiranganji wa mbere ku ntwaro ya Joseph Kabila yahoze ari prezida wa RDC.
Augustin Matata Ponyo Mapon, yahoze ari umushikiranganji wa mbere ku ntwaro ya Joseph Kabila yahoze ari prezida wa RDC.

Nkuko bitangazwa n’itororkanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, abashikirizamanza muri Republika ya demokrasi ya Congo basohoye umutahe w’uguhagarika Matata Ponyo Mapon ku vyaha yagirizwa ko yanyuruje imiliyoni 140 y’amadolari y’amafarnga y’igihugu.

Matata, yabaye umushikiranganganji wa mbere ku ntwaro ya Prezida Joseph Kabila kuva mu mwaka w’I 2012 gushika mu mwaka w’I 2016, yagirijwe ivyaha vya ruswa mu gihe abajejwe itohoza bagenywe na Prezida Felix Tshisekedi bagize amatohoza ku kugene reta y’imbere yaho yitwaye.

Matata yarahakanye ko hari amakosa yakoze. Avuga ko ivyo yagirizwa biri mu mugambi w’ukumucafuza.

Umushikirizamanza, Jean-Paul Mukolo yatangaje ko igihe yari umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta mu mwaka w’i 2011, Matata yategetse guha amafranga abantu batabifitiye uburenganzira.

Mukolo avuga ko Matata yabikuyemwo inyungu ku giti ciwe, yamara nta vyemezo yabitangiye.

Aho Matata yari ari ntihari hazwi ku musi wa kabiri.

Ruswa yarimonogoje muri Congo, iri mu bihugu bikenye kurusha ibindi kw’’isi naho ifise amatungo kama atagira uko angana.

Tshisekedi yiyemeje kurandurana n’imizi ruswa. Yamara ico kibazo kirabandanya mu gihugu. ( Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG