Uko wahagera

Igitero muri Burkina Faso Cahitanye Abantu 10


Burkina Faso kw'ikarata
Burkina Faso kw'ikarata

Nkuko bitangazwa n’itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bufransa, AFP, ivyo vyabaye mu gitero cabereye mu ntara yakozweko ibitero incuro zitari nke n’abarwanyi b’abayislamu.

Abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye bateye imihana y’ahitwa Niha-Mossi aho bahiga cane cane abasivile bajejwe gukingira igihugu. Bashigikiye inteko zijejwe umutekano.

Abakoze ico gitero barononye ibintu bitari bike. Amazu yataturiwe hamwe n’isoko yo muri iyo mihana. Abahaba bahungiye mu gisagara kiri hafi yaho ca Pensa, kiri mu ntara ya Sanmatenga.

Burkina Faso ihanganye n’umugumuko w’intagondwa z’abayislamu wahitanye abantu barenga 1,500 utuma abantu barenga umuliyoni n’ibihumbi amajana atanu bava mu ngo zabo kuva mu mwaka w’i 2015.

Mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2019, reta yashizeho umurwi w’abasivile bajejwe gufasha igisirikare ca reta mu rugamba rw’ukurwanya izo ntagondwa.

Barahabwa imyimenyerezo ya gisirikare, mu myuna yaho bagakorana n’inteko zijejwe umutekano.

Kenshi bagira iperereza hamwe n’ugutororokanya amakuru. Yamara benshi muribo barishwe n’abarwanyi b’abayislamu.

Hisunzwe ibiharuro bitangazwa n’itororokanirizo, AFP, abarenga 200 barishwe. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG