Bwatsinze Ubwongereza ku mapanalti 3 kuri 2 inyuma yuko ivyo imirwi iserukira ivyo bihugu vyompi inganije igitsindo ku kindi mu kiringo c’iminuta 90 yagenewe mu bisanzwe urukino rw’umupira w’amaguru n’iminuta 30 y’inyuma yaho.
Nkuko bitangazwa n’itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, bubaye ubwa mbere Ubutaliyano butsindira ico gikombe kuva mu mwaka w’i 1968.
Urwo rukino rwabereye mu kibuga c’umupira w’amaguru ca Wembley kiri ku murwa mukuru w’Ubwongereza, Londres.
Nirwo rukino rwa mbere rw’igice ca nyuma c’igikombe c’ibihugu vy’i Bulaya rutatuwe n’amapenalti kuva Cekoslovakiya itsinze Ubudagi bwo mu burengero mu mwaka w’i 1976.
Ubutaliyano bwatsinzwe mu gice ca nyuma c’iryo higanwa mu mwaka w’i 2000 no mu mwaka w’i 2012.
Umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza, wari ushigikiwe n’abarorerezi 67,000 mu kivuga c’umupira ca Wembley, ntiwashoboye gutsinda mu bwari bubaye ubwa mbere ushika mu gice ca nyuma c’ihiganwa ry’umupira w’amaguru rikomeye cane.
Ubwa nyuma uheruka gutsinda ihiganwa rikomeye hari mu gikombe c’isi yose co mu mwaka w’i 1966, hareze imyaka 55.
Ni ubugira kabiri gusa Ubuyaliyano butsindira igikombe c’ibihugu vy’Ubulaya.
Facebook Forum