Uko wahagera

Uruhagarara muri Afrika y’epfo Rwaratandukiye Johannesburg


Abari mu myiyerekano mu gisagara ca Johannesburg
Abari mu myiyerekano mu gisagara ca Johannesburg

Amamangazini yarasahuwe mw’ijoro ryashikirije ku musi w’Imana, igice c’ibarabara rikuru kirugarwa igihe abantu bari bitwaje inkoni bariko bakora imyiyerekano mu gisagara ca Johannesburg ku musi w’Imana.

Uruhagarara imbere yuko rukwiragira rwari rushimikiye mu ntara Zuma akomokamwo ya KwaZulu Natal, aho yatanguye igihano c’ugupfungwa amezi 15 kubera yakengeye ingingo ya sentare y’ukwitaba urwego rw’ubutungane rujejwe amatora ku vyaha vya ruswa yagirizwa igihe yari prezida.

Igipolisi kimemnyesha ko inkozi z’ikibi ziriko zihabonera akaryo kubera ishavu abantu bafise kugira zisahure zongere zonone ibintu.

Urwego rujejwe iperereza mu gihugu rwagabishije ko abariko bakokeza uruhgarara n’akajagari bashobora gukwirikiranwa n’ivyaha. Rumenyesha ko abantu 62 bahagaritswe mu karere igisagara ca Johannesburg kirimwo kuva uruhagarara rutanguye.

Prezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa yatangaje ku musi w’imana ko uruhagarara n’akajagari ata nsiguro bifise. Amenyesha ko bigeramira utwigoro tw’ukunagura ubutunzi mu gihe c’ikiza ca Covid-19.

Igihano c’ugupfungwa kwa Zuma vyabonywe nk’igipimo c’ububasha bw’igihugu bw’ukwubahiriza neza amategeko no ku bantu banyapolitike bakomeye cane, imyaka 27 inyuma yuko umugambwe uri ku butegetsi, ANC ukuyeho intwaro kadyanishamiryango ya Apartheid ukazana demokrasi mu gihugu.

Yamara vyarashavuje abashigikiye Zuma vyerekana n’ukutumvikana kuri mu mugambwe ANC.

(Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG