Uko wahagera

Djokovic Yaratsinze Ihiganwa rya Tennis rya Wimbledon ku Musi w'Imana


Novak Djokovic
Novak Djokovic

Novak Djokovic wo mu gihugug ca Serbiya, aza ubwa mbere rutonde rw’abakinyi bakomeye cane mu rukino rwa tennis kw’isi, yatsinze ku musi w’Imana ihiganwa rikomeye rya tennis rya Wimbledon. Yatsinze Matteo Berrettini wo mu Butaliyano mu maseti atatu kur’imwe ku manuta 6-7, 6-4, 6-4 na 6-3. N’intsinzi igira iya gatandatu atahiye mw’ihiganwa rya Wimbledon.

Muri rusangi amaze gustndira amahiganwa akomeye ya tennis 20. Anganije n’abandi bakinyi bakomeye ba tennis, Roger Federer wo mu Buswise na Rafael Nadal wo muri Espanye. Yarabahayagije mu kuvuga ko ari abakinyi rurangiranwa muri tennis. Avuga ari bo bakinyi bahiganywe nawe bikomeye cane mur’urwo rukino, ngo niyo mpamvu bibandanya kumuha inguvu kurushiriza.

Djokovic, afise imyaka 34 msuri iki gihe, avuga ko imyaka cumi amaze akina tennis ku rwego rw’ababigize umwuga ari ikintu guikomeye cane kuriwe, kandi ko azobandanya ahiganwa.

Kuba aza yaratsinze kandi amahiganwa akomeye ya tennis ya Australian Open na Rolland Garrros muri. Uyu mwaka w’i 2021, akeneye gusa gutsinda ihiganwa rikomeye rya US Open kugira abe umukinyi wa mbere kw’isi kuva kuri Rod Laver mu mwaka w’I 1969 azoba atsinze amahiganwa akomeye ya tennis uko ari yose mu mwaka umwe.

Djokovic avuga ko abona ko ari ibintu bishobora kuba, ko azozkora ibishoboka vyose kugira ivyo bishike.

(Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG