Uko wahagera

Afrika y'Epfo: Jacob Zuma Yanse Kwishikana ngo Afungwe


Uwahoze ari Perezida wa Afrika y'Epfo, Jacob Zuma muri sentare
Uwahoze ari Perezida wa Afrika y'Epfo, Jacob Zuma muri sentare

Jacob Zuma, yahoze ari perezida wa Afrika y’Epfo, yavuze kuri uyu w’Imana ko atariko arishikana ku butungane ngo afungwe amezi 15 yakatiwe kuvyaha vya ruswa, nkuko yabitegetswe na sentare. Yabivugiye ku muhana iwe i Nkandla, mu ntara ya Kwa-Zulu Natal, aho abanywanyi biwe bashinze amahema mu kwerekana ko bamushigikiye.

Jacob Zuma w’imyaka 79, yabwiye abanywanyi biwe ko uburenganzira ahabwa n’ibwirizwa shingiro bwahungabanijwe n’abacamanza ba sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Yaciriwe uwo munyororo kubwo kwanka gutanga ivyemeza yasabwe n’abariko bamukorako amatohoza ku caha co kurya ibiturire yagirizwa. Igihe ntarengwa yari yarahawe co kwishikana ku bategetsi cari kuri uyu w’Imana.

Igiporisi bitegekanijwe ko kimwongera iyindi misi itatu, imbere yuko kimuhagarika ku nguvu.

Mu mpera z’iyi ndwi irangiye, umugambwe ANC uri ku butegetsi wararungitse intumwa kuvugana na Zuma ku muhana iwe, ahari inzu yasanuje imiriyoni 24 z’amadolari, bamwagiriza ko zavuye mu matagisi y’abanyagihugu.

Umugambwe ANC ushobora kwinjira mu bihe vya poritike bitazoworohera, aho abayoboka ba Zuma hamwe n’aba Perezida Ramaphosa, bashobora gucanamwo mu bihe vy’imyiyamamazo ya poritike. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG